Amashengero Rukristo Y'Imana

 [101]

 

 

 

Ijoro ry’ Ugusuzumwa Cane

 

(Icasohowe 1.0 19990306–19990306)

 

Ivyanditswe ngo: Nawe uzewibuke uyumunsi nokuwushira kumuzirikanyi, kandi nawe uze ugirire Umwami Umunsi Mukuru muruvyaro rwanyu rwose, kandi nawe uzogira umunsi mukuru mumabwiriza yawe yose.

 

 

 

 

Christian Churches of God

PO Box 369,  WODEN  ACT 2606,  AUSTRALIA

 

E-mail: secretary@ccg.org

 

 

 

(Copyright ã 1999 Wade Cox)

(Tr. 2008)

 

Izinyigisho zirashobora guhindurwa k’ubuntu no gutangwa kumategeko yuko zishobora guhindurwa nkuko zimeze atakugabanywa canke guhindurwa ukundi. Izina ry’umwanditsi n’ibimuranga bitegerezwa kwubahirizwa n’ukwerekanwa .Ntakiguzi canke itangishwa ry’amafaranga mugihe c’ugusubiramwo zino nyigisho canke mugihe c’ugukwiragiwa mumajambo magufi zirashobora gusubirwamwo mumashuri no gusobanura utarinze gukurako ububasha n’uburenganzira.

 

Izinyigisho urashobora kuzisanga muri bwaburyo bwa internet


http://www.logon.org hamwe na http://www.ccg.org

 

 


 

Ijoro ry’ Ugusuzumwa Cane

 


Ijoro ry’ugusuzumwa cane n’ikimenyetso c’inkira kamaro rwose mu kiranga minsi ca Bibliya.

 

Ariko vyaribagiwe cane rwose n’abantu bari mu b’Ukristo mu buryo bw’ Amadini no gusuzugurwa mu mashengero y’ Imana yo mu kinjana ca mirongo ibiri. Idini ry’ ikiyahudi hamwe ryara kosheje mugutanguza ikindi kiranga minsi gitakaza kugira riteshe ukuri n’ukuzana izindi ntumbero  nkuko zipfuza zijanye n’amategeko y’uguhimbaza bijanye n’amategeko y’ Imana kandi aruguhimbaza kwa basamariya gusa hamwe n’amashengero mato y’ Imana kugirango bahimbaze bijanye n’ikiranga minsi co mugihe ca kabiri c’ Ishengero no guhimbaza mugihe ca Kristo n’ Ishengero rya mbere.

 

Wahamagariwe kuba ijoro ryejo kandi iri zina rirafise intumbero runaka kandi gikwiye.

 

Urukurikirane rwose rw’intango ya Pasika vyaravuzwe mu vyasohowe vyitwa Pasika [098] igihe c’ukwakira kivugwa ngo ca Pasika mw’Ishengero rya mbere Rukristo n’igihe gipfuka gutangura ijoro ry’ukwegera uruhimbi rw’ Umwami mugihe Kristo yari yarafashwz akanyuruzwa mugihe yaramaze kurangiza infunguro hamwe n’abigishwa biwe muri rya joro yarya joro ry’ukwitegeurira mugihe atari bwashirwe murminwe n’ukugerageragezwa munama y’Abayuda rya Sanhedrini n’imbere ya Pilato no kubambwa. Yarabambwe n, o kwicwa kumuhingamo w’umunsi wa cumin a kane  y’ukwezi kwa Nisani, nkuko bijanye n’ukubagwa kwa Pasika. Yarapfuye mu gihe c’isaha icenda z’umuhingamo n’ukuvuga kumugoroba mugihe imyagazi y’ intama yicwa kubera infunguro ya Pasika kumugoroba irya yatanguye mugihe c’ukwibuka cane ku munsi wa cumin a gatanu y’ ukwezi kwa mbere.

 

Umumenyereza Yosefu yaravuze ati hari imyagazi y’ intama myinshi yishwe canke yabazwe kumugoroba w’umunsi wa cumin a kane kuva igihe c’isaha icenda z’umuhingamo no kubandanya. Pasika kw’ishengero rya mbere yarinsobanuro carigihe c’ugufata umwanya wose utangura umunsi wa cumin a kane 14 y’ukwezi kwa Nisani gushika umunsi wa mungu w’ishikanwa ry’ukwoswa utaravye igitigiri c’iminsi uko yangana iminsi yasigaye yafashwe nk’iminsi y’imikate itagira umwambiro.

 

Ingene Pasika bayihimbaza muminsi y’ Amashengero vyanditswe Na Yosefus. Imyagazi y’ Intama ya Pasika yarabazwe kuva igihe c’isaha icenda gushitsa igihe c’isaha cumi nimwe [nkuko ivyasohowe citwa Yosefus, kibivuga Intambara y’Abayahudi (Josephus, War of the Jews, BK.VI, Ch. IX, Whiston, Kregel, 1981, p.588]. Mugihe c’ibukwa rya Cretius Josephus vyaremejwe ko imyagazi y’ intama yarabagwa nk’ibihumbi amajana abiri n’ibihumbi na mirono itanu n’itanu iyo Iyerusalemu mugihe ca Pasika imwe yonyene no kumiryango itarenga cuimi nibiri kugirango babashe guhimbaza Imyagazi y’ Intama imwe (ibid.)

 

Twese turazi neza cane yuko Abasamariya n’Abasadukayo bose babiri barahakanye icarico cose c’ukwakira canke c’ugukwiragiza eka n’ibintu vyose bishitsi kandi bose barazigamye amategeko yose yan ditswe. Yosesfus aratubwira yuko John Hyrcanus yarakuyeho amategekeo yabafarisayo n’ugutanguza amadini y’Abasadukayo no naho yakwiragiye hose nogushika ho yasuzumwa neza cane rwose, amategeko yabo yaratangujwe. Abafarisayo barashoboye kuba abahizi cane kub antu babashitsi  kubera baratanga amategeko yabo kugacinyizo kandi baravyitaho cane kuburyo buhanitse c ane. [Raba icirwa kijanye n’Ugusenga kwa kera kw’Abayahudi.] n’ukuvuga ivyo mukahise kwa ba Jews, (cf. Antiquities of the Jews, Bk.XIII, Ch.X (Whiston, ibid., p.28)). Yosefus wenyene yari Umufarisayo kandi yanditse amajambo menshio cane yukubatezimbere cane gusumvya uko bari gushobora, kandi yaranditse nibijanye n’ubugenegene bw’ivyo yasomye mw’IUsezerano Rishasha. Ugusubirwamwo ntikahabaye murico gihe ariko  nkuko tubibona bivanye   nivyo tubonabivuye muri Mishnah. Uko vyakiriwe vyatangujwe mugihe c’ibitarurwa vy’Abafarisayo kuva munyuma y’inyagano ry’ I Baburoni, bo bsanse kwifatanya n’ubundi buryo ubwaribwobwose bw’adini. Imydogo ya Bafarisayo yarabandanije munsi y’ububasha bwa John Hyrcanus umwana WA Alegizanderi Jennaeus ariko inyuma y’urupfu rwiwe umugore wa Alegizanderi yarafashije Abafarisazyo mu kiringo c’imyaka ine. Barashoboye kumuganza munzia imwe benio nini kandi baragerageje gutanguza ingeso zabo w’ukuvyakira. Mugihe c’urupfu rwa  Aristobulus na Musaza we  mukuru Hyrcanus, we Alegizanderi we yifuje ko yo musubirira nko abe umutware, yaragarwa nye  intambara y’ukuragwa  w’intebe. Hyrcanus arakurwa   kubutegetsi hanyuma aca arahabwa kuba umutware mu Bafarisayo. (ibid. p.289). Hyrcanus yarafashijwe na Antipater Muidume kandi Pompey yaramutatiye acarasabwa ko yogira uruhara muriryo higanwa. Nimba atanejerejwe n’ubwibone canke ubwirate bwiwe Pompey yaratatiye Aristobulus no kwinjira iYerusalemu no Mw’ihema na mukiringo c’ugushika kure gushika ahantu heranda ha Heranda mw’ Ihema ry’ Imana. Vyariu murico gihe niho hatororokanywa n’ukubika be n’ugushingura ivyatanzwe n’ukwegeranya amashikana yatanzwe no gusigwa murico gihe. Yaramukingiye Hyrcanus na bamukurikira bose bari bashengereye bose yarakereye igitigiri kinini ca baherezi bamuriyo micungararo be n’abo muribwo bucimbiri.

 

Kubera ubwo ubwo Abafarisayo b acabarahabwa inkomezi ariko Bari bafise ubwibone n’ukwishima. Baragendeye cane ibikorwa vy’ububisha, ububeshi n’ukutagra ukwizera kandi barafise uruhara m’ugutanga mu buryo bw’uwavugishwa bw’ibinyoma munsi ya Herode. Yarafise yafise uburyo bwabo rugabo abishwe kure na Bagaos inkone, Carus Madoma canke umukunzi w’ibikorwa vya Basodomu, n’umwe mubakunzi b’imanza muburyo bwabantu bo mumuryango wa ba Herode bonyene aribo bamenyekanye ko ari umuryango w’umukenyezi wa mwene wabo wa Faroao na nyina wiwe na mushiki wiwe Doris nyina wa Antipater (Muburyo bw’isomwa rya A of J, ibid., p. 358) kubwivyo, munsi ya Heride abafarisayo bari bafise iho bageza mu butegetsi  naho baharura gushbika gushika abanyamuryango ibihumbi bitandatu mumadini yabo.

 

Ihema ryagenzuwe hakurikijwe ikiranga minsi civyakera arico cahimbajwe canke kwizerwa na Basadukayo nkuko vyhaimbazwa naba samariya. Inyuma y’igihe c’ugutandukana kwa madini yicarimu bafashe umwanya wa Bafarisayo baragerageje gutanguza ukugabanya no kuberivyo Abasamariya biyumviriye yuko bafise ugusuzuma gushasha kukubera ugucana kw’ivyibutso y’ugusuzumwa y’amezi mashasha. Mugihe c’ Amahema  ivyibutso vyaracanwa  nk’isuruka ry’amezi nkuko vyamenyekana muri rusangi katabaye akamenyero ko guhimbaza. Ntacabona cokwizera cerekana ko Abasamariya barigeze guhindura ubwitonzi bwabo muguharura iseruka ry’amezi munkuru ndonda kahise mugihe canke ibihe bonyene canke mugihe c’amahema ya kabiri. Bo ntibabandanije guhimbaza muri burya buryo guhsika uno munsoi. [Raba isomw ry’ikirangaminsi c’ Imana [156](icasohowe ca kabiri).

 

Ugushirwaho kw’ Ivyagezwe

Ivyagezwe nkivyo kubera Pasika urashobora kuzironka mu gitabo c’Ukuvayo 12 Kuvayo 12:1-51 haravuga:

Uhoraho abarira Mose na Aroni mugihugu ca Egiputa, 2 At’uku kwezi kuzobabera infura y’amezi; kuzobabera ukwezi kwa mbere mu mwaka. 3 Nimubarire ikoraniro ryose ry’ Abisirayeri kumunsi ugira cumi w’ ukweziu, umuntu wese y’iyabirire umwagazi w’ intama ukwamazu ya base angana umwagazi umwumwe munzu yose. 4 Kandiyo inzo niyaba arimwingehwwa batomara uwo mwagazi uwo muntu afatanye n’umubanyi wiwe baheraranye bawusangire uko igitigiri cabantu uko bangna  ukwigisa c’umuntu wese kiri  abe ariko muzoharura igitigiriç cabantu kiri abe ariko muzoharura igitigiori cabantu c’abakwiye gusangira.5 Umwagazi wanyu uze ube uwutagira agasembwa w’isuguru uzobe utarenza umwaka: Muze muwukure muntama c anbke mu Mpene . 6 Muze muwurorere umunsi ugira cumi na kane w’ukwezi nyenewukwezi nyene ikoraniro ryose ry’abisirayeli baze baker ere imyagazi yabo mugoroba. 7 Baheze babire kumara so bayasige kugishima ryango, vyompi no hejuru y’umuryango winzu yose bawuririyemwo. 8 Barye inyama zawo muriryo joro nyene zitaze bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura. 9 Ntimuze muzirye mbisi canke zitetse, shiti zitaze, hamwe n’umutwe wawo n’ibinono n’ivyo munda. 10 Ntimuze mugire ico musiga ngo kirare: hagize ikiraye mugiturire. 11 Uku abe ariko muzozirya muze muzirye mukenyeye mwambaye inkweto mufashe inkoni muminwe muze muzirye vuba na vuba iyo niyo Pasika yanje jewe Uhoraho. 12 Kuko muriryo joro nyene nzoca mugihugu ca Egiputa nkica abana bose binfura Bo mugihugu ca Egiputa   uhereye kumuntu no kugitunzwe cose KIandi Imana w’Abanyegiputa nziciriyeko zose nzoyashitwa; nd’Uhoraho. 13 Ayo maraso azoibabera ikimenyetso kumazu yose murimwo, najne aho nzobona ayo maraso nzobarengana ntacago kizobazako ngo kibarandure igihe nzotega igihugu ca Egiputa. 14. Kandi uwo munsi uzubabere umunsi w’icibutso muze muwugire umunsi mukuur wanje Uhoraho ukw’ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana muze mwame muwugira mukuru kibe icagezwe c’intahava. 15 Muze mumare iminsi indwi murya imitsima itambiwe kumunsi w’intangamarara muze mukure umwambiro n’icambiwe cose mumazu yanyu kuko umuntu azorya kumutsima wambiwe uhereye kumunsi w’intangamarara ugashitsa kumunsi ugira indwi uwo muntu azocibwe mu bisoirayeli. 16 Kandi kumunsi w’intangamarara mukoranywe n’ukuba ikoraniro ryera nokumunsi ugira indwi haze habe irindi nyene ntihaze hagire igikorwa nakimwe gikorwa kuruwo munsi atari igikorwa c’inda gusa ico nyene kibe arico mukora. 17 Uwo munsi w’itsima itambiwe mwame muwugira mukuru kuko kuruwo munsi nyene niho nzoba narabakuriye mugihugu ca Egiputa muramasinzi y’ingabo nicogituma uwo munsi muze mwame muwugira mukuru ukwibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana kibe icagezwe c’intahava. 18 Mukwezi Kwa mbere ku munsi wakwo ugira icumi na kane ku mugoroba abe ariho mutangura kurya imitsima itambiwe gushitsa kumunsi wakwo wa mirongo ibiri na rimwe kumugoroba nyene. 19 Muriyo minsi ukwarindwi ntihaze haboneke umwambiro mumazu yanyu umuntu azorya icambiwe azocibge mwikoraniro ry ‘Abisirayeli naho yoba umunyamahanga canke imvukira yo mugihugu canyu. 20 Ntimuze mugire icambiwe na kimwe murya: muze murye ilitsima itambiwe mungo zanyu zose. 21 Nuko Mose ahamagara abakuru bo Mubisirayeli arababarira ati: Nimwirobanurire imyagazi ukwamazu yanyu angana muyibagire Pasika. 22 Mwiyabirire agakama ka ezobu mukajobeke mumaraso ari murwavya mumijagire ayo maraso hejuru y’umuryangi n’ibishimaryango vyompi ntihaze hagire umuntu numwe asohoka musunzu yiwe gushika mugitondo. 23 Kuk’ Uhoraho azohaca azanywe n’ukwica abany’ Egiputa kandiahazobona ayomaraso kumiryango nokubishimaryango vyompi azoharengana ntazokundira umuranduzi kwinjira munzu zanyu nkwabice. 24 kandi ivy mwame muvyitondera bibe icagezwe c’intahava kuri mwebwe no kubana banyu. 25 Kandi nimwara gushika mugihugu Uhoraho azobaha nkuko yabisezeranye muze mwame mwitondera uwo muhango. 26 Kandukwabana banyu bazobabaza bat’Uyumuhango nuwiki? 27 Muze mubishure mut’Iki nico kimazi citwa Pasika y’ Uhoraho kuko yarenganye amazu yacu Abisirayeli turi muri Egiputa akayaziguriza mugihe yica Abanyegiputa Abantu barunama barasenga. 28. Abisirayeli baragenda bakora nkuko nyene uk’Uhoraho yageze Mose na Aroni, abariko bakora. 29. N’uko mugicugu Uhoraho yica abana bose b’imfura bo mu gihugu ca Egiputa uhereye k’Umpfura y’imbohe ifungiwe mwibohero n’ivy’uburiza vyose vy’ibitunzwe.30 Muriryo joro Farawo ararandamuka n’abanyamuryango biwe bose n’Abanyegiputa bose: Muri Egiputa hacura umuborogo mwinshi kuko atanzu nimwe itapfuyemwo umuntu. 31 Ahamagaza Mose na A roni muri ryo joro nyene arababarira ati nimukure hasi mujonjore mukure hasi muve mubantu banje, mwene n’Abisirayeli mugende muze gusaba Uhoraho nkuko mwavuze. 32 Mujane n’imikuku yanyu n’amasho yanyu nkuko mwavuze mwigire nanje munsabire imigisha. 33 Abanyegiputa bahihita ubgo bwoko ngo babavire mu gihugu vuba. Kuko bavuga bati turapfuye twese. 34 Abo Bantu babajana amarobe yabo atarajamwo umwambiro atarotswa utwato twabo bacumbamwo bari baduhambiriye mu mpuzu zabo batwikoreye kubitugu. 35 Abisirayeli bakora nkuko Mose yabivuze basaba abanyegiputa utugenegene tw’ifeza n’utwizahabu n’imyambaro. 36 Uhoraho aha abo Bantu kurabwa neza na banyegiputa babaha ivyo basavye uko niko binyagiyeabanyegiputa. 37 Abisirayeli baragenda, bava iRamesesi, bataha I Sukoti; abagiye n’amaguru barabagabo ibihumbi amajana atandatu ukuyemwabana.38 kandi n’igugu ry’ikivange c’abanyamahanga rijana nabo n’imikuku n’amasho vy’ibitayega. 39 Ya mitsima bakuye muri Egiputa ikirivyanga barayihisha bayigira imitsima itambiwe kuiko atamwambiro Bari bwayishiremwo. Kuku birukanywe muri Egiputa ntibashobore gutebagana anagahamba baribgironderere. 40 Imyaka Abisirayeli bamaze muri Egiputa n’amajana ane na mirongwitatu. 41 Kuriyo myaka amajana ane na mirongwitatu ishize kuruwo munsi nyene amasinzi yose y’ingabo z’uhoraho ava mugihugu ca Egiputa. 42 Iryo joro niryo kurara ko maso kwibuka uko uhoraho yabakuye mugihugu ca egiputa iryto nirya joro ry’ Uhoraho abisirayeli bose bakwiye kwama barirarako maso, ukwibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana. 43 Uhoraho abarira Mose na Aroni Atiri niryo bwirizwa ryo kuri Pasika ntihaze hagire umunyamahanga arya ku vyayo. 44 Arikumugurano w’ umuntu wese yaguzwe amahera niyamara kumukeba abone kubiryako. 45 Inyambukira cank’umucangero ntibaze babiryeko .46 Bize birirwe aho biri munzu nyene ntimuze musohokane nagashitwa kizo nyama kandi ntimuze muvune n’igufa narimwe ryayo. 47 Ikoraniro rya’abisirayeli ryose baze bame bagira bartyo .48 Kand’umunyamahanga niyaza  kuba muri mwebwe akagomba kuja muvya Pasika  abijemwo maz’azoca amera nk’imvukira ariko ntihaze hagire umuntu n’umwe atakebge abiryako. 49 Icagezwe nikimwe ku mvukira no kuba nyamahanga yaje kuba muri mwebwe. 50 Uko nikwo abisirayeli bose bakoze uk’Uhoraho yabariye Mose na Aroni ni ko bakoze . 51 Nuko kuruwo munsi nyene Uhoraho akura abisirayeli mu gihugu ca Egiputa ukw’imitwe yingabo zabo zangana.

 

Ikigice c’ivyanditswe vyeranda gitanguza kandi uguseruka canke urukurikirane w’ibihe vyiwa utanguriye muri kirtya gice ca 18 turabona igice c’iminsi indwi y’imikate itambiwe iharurwa uhereye ku minsi cumi nine y’ukwezi kwa mbere kuva kuminsi indwi ugashitswa kuminsi mirongo ibiri n’umwe y’ukwezi. Uyumunsi w’indwi  w’umunsi mukuru, umunsi wa mirongo ibiri n’umwe w’ukwezi kwa mbere wonyene n’Umunsi Mweranda. Kubwivyo umugoroba w’umunsi wa cumin a kane n’itanguriro w’umunsi mweranda wa mbere w’imikate itambiwe ariyo tubwirwa ko ariwo umunsi wa cumin a gatanu w’ukwezi kwa mbere. Kubwivyo rero twebwe tuvuga ubwanyuma umunsi wa cumin a kane y’ukwezi kwa mberer ariyo ubwambere arikwo umunsi wa Abibu canke Nisani. Umurongo wa 16 urerekana yuko hariho ikoraniro ryeranda kumunsi wa mbere w’imikate itagira umwambiro ariyo dusanga mugitabo c’Abalewi 23:6 n’umunsi wa cumin a gatanu y’ukwezi kwa mbere. Ntihashobora kuba ukuvangatiranya nimba kwitanguriro w’ imiokate itagira umwambiro canke mugihe c’ukwica umwagazi w’intama wa Pasika bijanye nivyanditswe.

 

Turabona ubundi buryo bw’iminsi mugitabo c’Ivyakozwe nintumwa 27.

 

Ivyakozwe n’Intumwa 27:27-36 haravuga:

Ijoro ry’ icumi na kane ridhitse dukubebga irya nino mu kiyaga ca Adiriya maze maze nko mugihugu abagendesha ubwato bakeba ko hari gihugu begereye. 28 Bagera uburebure bw’amazi  yo hasi babona ingero mirongwibiri hashize umwanya muto bongera kugera  babona ingero cumi nazitanu. 29 Kuko batinya gusukwa ahantu hamabuye baterera mumazi ivyuma bine vyo kuzirika ubwato babicishije mumutwe w’inyuma bifuza ko buca. 30 Maze abagendesha ubwato barondera uburyo babuhungamwo bururukiza kakato mu kiyaga biyenzereza nkabagomba kuzirikisha inyuma umutwe w’imbere. 31 Paulo abarira wa mugabisha wa basoda ijana hamwe n’abasoda nabo at’aba nibataguma mubwato nti mushobora gukira. 32 Maz’abasoda baca imigozi ifashe kakato ngo bakareke gakoroke. 33 Bugira buce Paulo arabinginga bose ngo barye ati none uyumunsi n’uwugira cumin a kane murorereye mutarya ata co muratamira. 34 Nuko ndabingize nimurabe utwo murya kukwarivyo vyo bakiza kandi ntihazohara agashitsi na kamwe ko kumitwe yanyu. 35 Amaze kuvuga ivyo yabira umutsima ashimira Imana imbere yabo bose barawumanyagura batangura kurya. 36 Bose basubiza umutima munda nabo bararya.

 

Rero ico gikorwa nticabaye mukwezi Kwa mbere ariko vyari mugihe c’ukwisonzesha ry’ukwezi kwindwi umunsi w’ugucungurwa. Hamwe nivyo turashobora kubona yuko wari umunsi WA cumin a kane kandi vyarivyo cane ivyo vyabaye mugukurikiza ibiharuro vy’imigoroba gushika uwundi mugoroba. Ijoro ry’ umunsi WA kane watangujwe n’umunsi wakane. Ivyo vyemeza neza KO umunsi wabonetse utangurwa n’umugoroba gushika uwundi mugoroba no mugitondo gushika ikindi gitondo canke ijoro rikuze gushika irindi joro rikuze, canke murindi joro. Canke mubundi buryo bw’urukurikirane ubwaribwo bwose, cane cane murivyo vyose agakiza ka Bamalayika b’ Umwami, abo Intumwa Paulo yari yizigiye no gukorera nyene yarabonetse muvyanditswe Na Matayo 27:23.

 

Imikere canke amahwa. Kandi bisobanurwa kwitegereza ikigiye kubazwa.

 

Iyo niyo nsobanuro ya Pasika ariyo ituzigama mu maraso y’ Umwagazi w’ Intama bivanye n’imbabazi z’ Imana itwereka akarorero kayo. N’uko rero guhimbazwa kwacu kuvana ningene tuziririza ivy’ukwizera muvyanditswe nkivyo. S’ijambo ryankenerwa ry’ugukoresha ijoro ryacu ryose kurihimbarisha nkuko twabitegetegetswe n’ Umumalayika w’urupfu kuri Pasika.  Ibintu vyose bibiri nukuvuga uguhimbaza uruhimbi rw’ Umwami ukorerwa kumunsi wa cumin a kane hamwe n’infunguro umunsi ugira icumi na gatanu z’ukwezi kwa mbere (nukuvuga Abibu Nisani) muri rusangi iratuzigama twebwe. Ngombwa nuko iri joro ryoba ijoro ry’ugusuzumwa cane rwose be n’ugusoma nimba vyariu gushoboka ntitwogiye gurama hakiri kare cane muriri joro.

 

Inyandiko dusanga munsobanuro ya SHD 8107 iratandukanya irijoro rya Kure nkuko ari joro ry’ugushitsa bimwe bikwiye nkuko vyakiriwe muri 8104. Ngombwa y’ukurara udasinziriye ijoro ryose birakwiye KO vyoshirwa kumuzirikanyi ariko singombwa cane. N’ukuri Isirayeli barashoboye kurara badasinziriye bari maso barindiriye igihinda c’amabwirizwa yariyaratanzwe. Hagati muribo atagukekeranya bararyamye badasinziriye muburyo bwose bashoboye.

 

Ijambo Shimmur riva munsobanuro y’insobanuro ya 8104 kandi insiguro yaryo Ni guhimbaza cane kurusha ingene wohagararira urinda nkuko twari kwakira muri 8104 ijambo shimar.

 

Itandukaniro riri hagati 8107 shomer (Raba insobanuro ya SHD 7763) kandi rifise insiguro nyinshi bivanye n’uko ijambo shabar kwenye 7763 kandi rifata insobanuro nyinshi zivuye kwijambo shabar kuri 7763 risigura mubushakashatsi bwo kurondera insobanuro yaryo mukurindira isuzumwa.

 

Nimba Yuda yari gukesha ntibari kurindira Masiya rero ntibari kuja mubuhungiro mugihugu c’inyagano. Kubwivyo iryo joro ryari rifise insiguro y’uguhimbaza n’ivyizigiro mu mwuzo wukwerekana murukurukirane rwo kubambwa no kubuza ugutanguzwa mu gihe co gushikira ijoro ryo gukura ishikanwa ry’ukwoswa.

 

Inyuma y’ukuguma maso mugukesha gusa, igikorwa nyamukuru kirekuriwe n’iciza cane gukoreka muriryo joro mukwiga igituma c’uguhimbazwa vyashizweho mu mwuzo WA Masiya ku bana bato. Iki nico gituma ukuri kweruye dusabwa kandi dusabwa kugira.

 

Ingene iyo nfunguro rifungurwa n’ikimenyetgso c erekana ihutirwa ry’ukwidengevya kwacu kugamije kudukura mumigenzo mibi y’isi.

 

Kuvayo 12:11 haravuga: Uku abe ariko muzozirya muze muzirye mukenyeye mwambaye inkweto mufashe inkoni muminwe muze muzirye vuba Na vuba iyo niyo Pasika yanje jewe Uhoraho.

 

Gereranya ubwitonzi bwo kurya kunfunguro n’ingene Kristo n’Abigishwa ingene bariye kunfunguro WO kumugoroba umwiteguro WA Chagigah.

 

Yohana 13:25 haravuga: Uyo rero ahengamira inyuma uko yari hano nyene mugikiriza ca Yesu aramubaza Ati: Ninde ga Mugenzi?

 

Marko 14:50-52 Maze bose baramuta barahunga 51 kand’umuhungu umwe w’umusore amuja inyuma yikwuvyekw’impuzu imwe gusa baramufata. 52 Abatana impuzu yiwe ahunga amenya.

 

Kumugaragaro vy’ukuri vy’ugusubiramwo ivy’ibikorwa vy’Uruhimbi rw’ Umwami n’ugufatwa kwiwe ntikwari kumugoroba w’umunsi WA Pasika. Igikurikira cerekana

KO kwari umugoroba w’umunsi w’imyiteguro y’umunsi wa kane y’ukwezi kwa mberer kugira ngo Pasika itegurwa ariwe yategerezwa gukerewa mugihe c’umuhingamo ukurikira kandi utangura ijoro ry’ isaha cumi nimwe canke gutangurfa igihe c’isaha icenda z’umuhingamo gushika isaha cumi nimwe z’umuhingamo. Yashizwe mu mva kumuhingamo utangura umunsi utangura cumin a kane y’Ukwezi kwa mbere kumunsi wa mbere y’imikate itambiwe igihe umwagazi w’ intama WA Pasika yarataeguwe gukererza n’ukuribwa kirya gihe.

 

Gusubiramuvyagezwe 16:2 haraturekurira infunguo rya Pasika ava mu bikoko canke muntungano z’ubworozi yuko bishoboea kuva mubikoko vy’ibindi bikoko vyejejwe utandukanye n’ Umwagazi w’intama. Bisabwa KO kibe aricateguwe kandi KO coba categuriwe ahantu heza kandi kuriyo ntumbero.

 

Gusubira mu vyagezwe 16:5-7 haraturekurira kurya kunfunguro ya Pasika Kure yimihingo yacu. Kubwivyo dusabwa kuja mumahema yacu mugitondo cawo. Uyu n’umunsi WA cumin a gatanu y’ukwezi Kwa mbere ariwo munsi mweranda w’umunsi WA mbere w’imikate itambiwe ariyo twokwitwaza mumahema yacu kuko niyo azoba aringo zacu mugihe cose tuzoba turaho Ikigice c’ivyanditswe singombwa ngo gisobanurwe ngo kuba hanze y’ingo zacu ijoro ryose  kubantu bafise imyaka irenga mirongo itatu ko aritegeko bivanye n’umutekano wiwe . Bisobanura KO pasika itegerezwa guhimbazwa hanze y’ingo zacu ahantu yo gukoteshwa mugihe gito nkuko tubibona muvyanditswe bibivuga.

 

Abasamariye barahimbaza Pasika y’Umwami naho igihe carikitarashika kumunsi WA cumin a gakane y’ukwezi Kwa mbere (witwa Nisani) ujanye muvyo kwizerwa, mugukerera umwagazi w’intama kumugoroba igihe c’isaha icenda. 

 

Baramutegura bagaca bamufungura kumunsi WA cumin a gatanu y’ukwezi Kwa mbere (witwa Nisani canke Abibu) izuba rimaze kwibira. Iyo myiteguro y’infunguro yakoreka biboshe imikanda munda bitwaje inkoni muminwe.

 

Ivyovyose barabigira hanze y’ingo zabo kandi kumusozi WA Gerizi. N’Umunsi Mukuru udasanzwe kandi bategerezwa kuwuhimbariza hanze y’ingo zabo kumusozi Nablus.

 

Bakora gurtyo k’UYmusozi Gerizi kubera y’Ugusubira muvyagezwe 27:4-7 munsobanuro yabo y’igiheburayo. Umurongo WA kane yo muri Bibliya y’inyandiko ya Masoretiko iravuga Umusozi Ebali (Usigura Kwisonzesha) nk’Umusozi w’ivyaremwe vy’ivyagezwe. Uwo wari kandi umuxozi WA vumwe. Umusozi WA Gerizi wari umusozi w’imihezagiro kandi umusozi wokugirirako igisabisho c’Abasamariya kandi wasubijwe akarorero kawo w’idini mugice kirya. Ivyosubirwamwo nka MT vyahinduwe bisobanurwa kuva mw’ibohero no kuwa Ebali.

 

Mubisanzwe harabaye impair kuri Ebali n’uguhindurwa mu nyandiko za Masoretiko kandi vyasomwa Gerizi. Ibice vyo muvyanditswe mu vyogusubira muvyagezwe 27:11-26 zerekana yuko Gerizi wari kubera imigisha Na Ebali yari kubera umuvumo. Muri kahise n’ukuvuga amashikanwa yak era ntiyakoreka harya kumuysozi w’umuvumo no ku gicaniro vya tegerezwa KO bikoraka harya nyene kuruwomusozi Abasamariya barahimbaza Amasabato n’iminsi mikuru bivanye n’ivyagezwe hamwe n’amabwirizwa ya Musa mugihe Bari aba yuda bakurikiza ivyagezwe vyabo mungingo ya 613. Barya bitwa aba Kristo bavuye kuma dini makuru makuru bakurira n’uguhimbaza ivya gakuku kigipagani nihinduka bukebuke vyakurikije ivyoguharura ivyikiranga minsi.

 

Abamenyerezi benshi baremera KO ibikorwa vy’amadini yabasamariya nico kimwe nivy’Abayuda mukiringo ca kabiri c’amashengero yak era. Abasamariya ntibari ba kurikire ibikorwa vy’ibihe cakabiri Ishengero ahagira kabiri.

 

Bari bafise inkambi canke ihuriro ivyo bikaba vyononywe n’umugararji Yohana Hyrcunus I. Yabateye ubwoba vyo kurugero vyihutirwa n’ukubategeka kwifatanya n’ivy’umugararizo w’idini rya bayahudi. Ntiyifuje kwitwararika ivyabasamariya cane vy’ukwonona ivyinkambi zabo canke amahema yabo y’ihuriro kubera yuko ikiranga minsi cabo carioco kimwe nka kirya c’abasadukayo arivyo kuribo Ihema ry’itwararika n’ukwizigira ubwo bwitonzi .Abafariayo ntibari bwaronke akaranga kabo bavyakira nkukugerageza n’ugutunganya  be n’ukugabanya nokugaruka kw’Isabato zari izisanzwe mukiringo cose kizima c’ Ihema nkuko vyerekanwa na Mishnah (Raba isomwa ry’ikiranga minsi c’ Imana [156]).

 

Abasamariya baranse gukurikiza guhimbaza iminsi mikuru ya Hanuka Na Purimu.

 

Baraharuye iseruka ry’amezi mishasha umunani kare imbere yuguharura ivyo kwongera KO. Inyuma y’isenyurwa ry’amahema ya kabiri Abayahudi barabonetse nk’umengo bagaye canke gutakaza inguvu y’ubushobozi bwabo bwoguharura iseruka ry’amezi kujanye n’ukugabanya. Abarimu baranse kwunvikana kurivyo biharuro vy’Abasamariya baca barakora ibiranga minsi vyabo bonyene arivyo bavanze ibiharuro vyabo n’ukugabanya yamezi yatakaye.

 

Kristo yatautswe yiyumvirwa yuko arumusamariya nyawe cane rwose kuibara atashigikiye ivya b’Abafarisayo (Yohana 8:48).

 

Ijoro ry’ukwibukwa cane n’ijoro ry’ukwigisha abana kubera n’insiguro ry’umugoroba wivyo bategerejwe gukora muriryojoro.

 

Gusubira muvyagezwe.12:25-38 haravuga: Knadi nimwara gushika mugihugu Uhiraho azobaha nkuko yabisezeranye muze mwame mwitondera uwo muhango.26 Kand’uko abana banyui bazo babaza atuyumuhango wawe n’uwiki? 27 Mutiki nico kimenyetso citwa Pasika y’ Uhoraho Kuko yarenganye amazu y’abisirayeli turi muri Egiputa akayizuguriza mugihe yica abanyegiputa Abantu barunama barasennga. 28 Abisirayeli baragenda bakora nkuko nyene Uhoraho yabageze Mose na Aroni abariko bakora.

 

Turavye ugucungurwa kwijoro rya Pasika wahimbajwe nk’icibutso c’ibihe vyose (Kuvayo 12:14) muri rirya joro uzorindirizwa ugucungurwa kwacu. Kuruyu mugoroba Kristo yarahambwe n’uryama mu mva kukiringo c’iminsi itatu n’ukuvuga amajoro atatu n’umurango itatu  kumutima w’isi kuva umunsi wa kane gushitsa  kumunsi wagatandatu kumugoroba mugihe yazurwa n’ Imana Imwe Rudende kandi y’ Ukuri n’umunsi wa mungu mugitondo aca araduga mwijuru amaze nk’ishikanwa ry’ukwoswa isaa zitatu zo mugitondo ariwo itanguriro w’uguharura gushika kuri Pantekoti n’imishuzo y’Ishengero muri Mpwemu Yera

 

Kubikorwa nku’ivyo Imana yafashe uwavutse wa mbere mukuremwa kwisi y’agakiza gakwiye hose kumahanga yabapagani.

 

Irabandanya 29 N’uko mugicugu Uhoraho yica abana bose b’impfura bo mugihugu ca Egiputa, uhereye kunfura ya Farawo nyeningoma ukageza kumfura yimbohe ifungiwe mwiboherero n’ivyuburiza vyose vy’ibitunzwe.30 egiputa hacura umuborogo mwinshi kukwatanzu nimwe itafuyemwo umuntu. 31 Ahamagaza Musa na Aroni muryo joro nyene arababararira ati nimuve hasi mujonjore muve mubantu banje mwe n’Abisirayeli mugende muje gusaba Uhoraho nkuko mwavuze. 32 Mujane n’imikukuyanyu n’amasho yanyu nkuko mwaivuze mwigire nanje munsabire imigisha.  33 Abanyegiputa bahihita ubwobwoko ngo babavire mugihugu vuba kuko bavuga bati turapfuye twese. 34 Abobantu barajana aùmarobe yabo atarajamwo umwambiro atarotswa utwato twabo bacumbamwo Bari baduhambiriye mu mpuzu zabo batwikoreye kubitugu. 35 Absirayeli bakora nkuko Mose yabivuze basaba abanyegiputa utugenegene twifeza n’utwizahabu n’imyambaro .36 Uhoraho aha abobantu kurabwa nabanyezgiputa babaha ivyo basavye kuko Abisirayeli baragenda bava I Ramesesi bataha I Sukoti: abagiye n’amaguru barabagabo ibihumbi amajana atandatu ukuyemw abana. 38 Kandi nigugu ry’ikivange ryabanyamahanga   ryajanye nabon’imikuku n’amasho vy’ibitayega.

 

Irikoraniro ryavanzwe ryavanzwe kugirango ribe igice ca Isirayeli.

 

Kuberivyo rero agakiza gategerezwa kubandanya no gukwira biciye muri Masiya gushika kumahanga yabapagani kandi ubumwe bw’Uruhimbi rw” Umwami n’igice c’ubwitonzi bwo guhimbaza iyi minsi mikuru. Ukwegera Uruhimbi rw’ Umwami n’ijoro rya mbere ry’ Umunsi wa cumin a kane y’ ukwezi Kwa mbere no gushika kumunsi ukurikira ukurikirwa WA cumin a gatanu mwinfunguro rya Pasika arikwo wegeranya ugushirwahamwe kw’isi munsi ya Masiya muri Isirayeli.

 

Nivyo kwibuka hagati yacu kandi n’isezerano ry’ibihe bitazoishira.

 

Kuvayo 13:14-16 haravuga: Kandi mubana banyu hakagira ubaza se mubihe bizoza at’ibi n’ibiki? Aze amwishure ati Uhoraho yadukuye muri Egiputa munzu y’Ubuja. Adukujeko ubushobozi bwinshi. 15 Igihe Farawo yariyanse kugondwa nkwa turekureUhoraho yishe icitwa uburiza cose c’infura co mugihugu ca Egiputa infura z”Bantu n’uburiza bwibitunzwe nico gituma ic’ubuzibura cose c’ikigabo tuigitangwako ikimazi k’Uhoraho arikwinfura zacu zose turazicungura.16 Ivyo bize bibe nkikimenyetso gishizwe mumaboko yanyu kandi nkibishizwe muruhanga hagati mumaso yanyu kuko Uhoraho yadukuje muri Egiputa Ubushobozi bwinshi.

 

Kandi bidushikana kumurongo wa kabiri wo kuva canke uvuye mumaboko n’ubushobozi bw’ Uhoraho.

 

Yesaya 66:18-24 haravuga ati: Kuko nzi ibikorwa vyabo n’ivyiyunviro vyabo igihe kigiye kuza nzokoranya amahanga yose n’abindimi zose bazoza babone ubwiza bwanje. 19 Knadi nzoshira ikimenyetso muri Bo abarokotse muribo nzobatuma mumahanga I tarushishi n’I Puli n’I Ludi mu bafuzi b’imiheto n’I tubali n’iyavani mu baba kukiyaga Kure. Ahabatari bwumve ko ndi rurangiranwa ntibabone n’icubahiro canje. 20. Nuko bazozana bene wanyu babakuye mumahangayose kw’ishikanwa ryanje Uhoraho Bazoza bagendera kumafarasi no kumikogote ikwegwa nay o, no munderuzo no ku nyumbu no kungamiya bashike ku musozi wanje wera Yerusalemu nik’Uhoraho agize bazoba nk’ukw’ Abisirayeli bahora bazana amashikanwa yabo munzu yanjse Uhoraho bayazanye mu bintu bitunganye. 21 Kandi nzorabanuramùwo bamwe ndabagire abaherezi n’abalezi nik’Uhoraho agize. 22 Kuko nkw’ijuru risha n’insi snha ivyo nzorema bizohoraho imbere yanje niko uruvyaro rwawe n’izina ruyawe rizohoraho imbere yawe ni k’Uhoraho nyeningabo agize. 23 Igihe kizoza uhereye mumboneko z’ukwezi ukageza mumboneko z’ukundi n’uguhera kw’Isabato ukageza kuyindi abantu bose bazohora baza gusenga imbere yanje nik’Uhoraho agize. 24 Nuko bazosohoka baje kwitegereza imivyimba yabangararije kuko inyi zabo ntizizobora, kandi bazotera abantu bose ishishi

 

Kubwivyo irijoro s’ikubwiminsi yarengaye gusa kandi izobaho no kuminsi izoza no muvyanditswe vyera nibishora kurwa. 

 

Yeremiya 6:16-19 haravauga: Ukuniko Uharaho agize ati muhagarare mumayira mwitegereze mubaze inzira mwitegereze mubaze inzira za kera inzira iyariyo abe ari yo mujana muzoronka uburuhukiro bwimitima yanyu ariko Bo baravuga bat’Eka ntituyijana. 17 Nabashiriyehabashibamyi Nto nimwunvirizi ijwi rw’inzamba ariko Bo baravuga bat’Eka ntitwuyumviriza. 18 None mwamahanga nimwumvirize ibigira bibabeko ubimenye wakoraniro ryamoko. 19 Niwunve wasi we ehe ngira nzane ivyago kurubu bwoko vyandurutse mu vyiyumviro vyabo kuko batunviye amajambo yanje bakaba barabikengereye. 

 

Dutegerezwa gutanguza inzira zakera n’ukugaruka kuvyagezwe nuguheba ibiranga minsi vy’igipagani n’ibifundikwa n’imigani ya banya Ababeli vyatangujwe munsi y’aba Abarabi n’ukwakirwa n’ababihagarariye aribo ba Hilleli II mumyaka ya 358 BK.

 

Umusiguzi 3:15 haravuga Ikiriho nico cahozeho kandi kizobaho naco icahozeho naco cahozeho kandi Imana isubira kugfarukana icamaze guhita.

 

Dusabwa gusubizaho ukuri kw’ijambo ry’ Imana nkuko ritangwa.

 

Abaroma 15:4 haravuga: Kukw’ivyanbditswe kera vyse vyandikiwe kutwigisha kutwigisha kugirango kwihangana no guhumuizwa guheshwa nivyanditswe biduhe kwizigira ibizoba.

 

Urya yipfuza gusiganwa n’ivyanditswe vyeranda kugirango ahindure ivyagezwe   n’ibihe n’umwanyan ntamwanya azoba afise mubwami bw’Imana. nkuko vyari bimeze muguhimbaza Isabato ko bibabibandanya no guhagararira nkuko bimeze niko bimeze muri ri suzumwa n’iseruka rya Mezi Mashsha n’ Iminsi Mikuru  yose y’ Imana  y’ugucungurwa ntibishobora rero guhindurwa kandi cane nkuko bimeze kuma Sabato no kuguseruka y’ Amazi mashsha canke Pasika . Izohimbazwa hamwe kandi munzu imwe (Kuvayo 12:46)

 

Kuvayo 12:42 haravuga:  Iryo joro niryo kurarako maso kwibuka uk’Uhoraho yabakuye mugihugu ca Egiputa iryo niryo rya joro ry’ Uhoraho Abisirayeli bose bakwiye kwama barirarako maso ukwibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

 

Nuko mwame mugavye kuko mutazi umunsi canke isaha. (Matayo 25:13)

 

Mariko 13:30-37 haravuga Ndababwire ukuri abikigihe ntibazorangira ivyovyose bitarashika. 31 Ijuru n’isi bizorangira ariko amajambo yanje ntaco azoba. 32. Ariko uwo munsi canke iyo saha ntawubizi naho boba abamalayika  bo mwijuru cank’Umwana w’ Imana atari Data gusa. 33 Mwiyubare mube maso musenge kuko mutazi igihe bizoshikira. 34 Nink4umuntu yasize urugo rwiwe aja mukindi gihugu asigarana abashumba biwe urugo kandahejeje kugerera umuntu wese igikorwa ciwe abarira umuteramyi ngo yame agavye. 35 N’uko mwme mugavye kuko mutazi igihe nyenurugo azozamwo namba ari kumugoroba c anke mugicugu c anke munkoko canke umutwenzi ukitse. 36 Kugirango niyaza giturumbuka ntasange musinziriye. 37 Arikw’ico mbabariye ndakibarira bose nti mwame mugavye.

 

Ijambo uruvyaro ryavuzwe Na Kristo muri Injiri ya Mariko 13:30 rikaba rifise insobanuro ry’uruvyaro rwanyuma. Muruvyaro rumwe c anke imyaka mirongwine intambara yose yanyuma bizorangira. Mugihe c’ imyaka mirongo ine ikigeragezo c’ihema ry’ ishengero n’igikorwa cose c’iminsi y’iherezo bizoshitswa (Raba insobanuro ivuga uburinganire bw’Ihema [137]). Masiya azogaruka n’ubutungane buzoshirwaho rero kubera KO utazi umunsi canke igihe azogarukira ko Umwami wacu.

 

Indirimbo 5:2 haravuga ati Nari nsinziriye ariko Umutima wanje wari maso Numva ijwi ry’umukunzi aramutsa Ati nyugururira mukunzi wanje mushiki wanje inanuma wanje mwiza wanje utagira agasembwa kuko umutwe wanje utonzwe KO n’urume n’umushatsi wanje utonzweko n’udutonyanga tw’ijoro.

 

 

Mumwaka WA 2027/28 turabona yubile y’ingaruka.

 

Kuberivyo turafise igikorwa dusabwa ku Mana y’Ukuri kandi Ihoraho.

 

Ivyakozwe n’ Intumwa 20:28-35 haravuga Mwirinde ubwanyu muzigame n’ubusho bgose Mpwemu Yera yabashizwemwo ngoo mube abo kubuzezwa kugirango muragire Ishengero ry’ Imana iryo yaguze amaraso yayo. 29 Ndazi yuko ninamara kuhava amabingira azobinjiramwo atababaye umukuku. 30 kandi no muri mwebwe hazokwadukamwo abantu bavuga ibigoramye kugirtango bakwegere abigishwa inyuma yabo.31 Nuko mwame mugavye mwibuke yuko namaze imyaka itatu ntasiba guhanura umuntu wese ndira kumurango no mwijoro. 32 Kandi none mbaragije Imana n’ijambo ry’ ubuntu bgayo rishobora kububaka no kubahera ibiragwa hamwe nab ejejwe bose. 33 Ntaco nipfuje ar’ifeza ar’iuzahabu ar’ivyambarwa vy’umuntu n’umwe. 34 Ubwanyu murazi yukwayamaboko yanje yankenurana ivyo nkenye nabo turi kumwe. 35 Ndabahaye akarorero mùurivyose yuko mubutame nkubwo ariko mukwiye gufasha abadakomeye no kwibuka amajambo y’ Umwami Yesu ingene ubwiwe yavuze ati gutanga kuzana umugisha kuruta guhabwa.

 

Kubwivyo twemeze KO aya majambo azi n’abantu bose.

 

 

 

 

q